Hongrie yarezwe inyifato nk'iyo aba Nazi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abimukira bashitse Munich mu Budage

Warner Fayman yagereranije ingendo ya mugenzi wa Hongrie, Viktor Orban, n'iyo aba Nazi igihe bimura Abayahudi mu gihe c'ihonyabwoko.

Yasabiye kandi ibihano vy'ubutunzi, ibihugu vyoramuka vyanse kwakira ibitigiri vy'impunzi nk'uko vyagenywe n'inama y'Ubumwe bwa Bulaya.

Kuva ku munsi wa kabiri Hongrie izofata abantu bose ivuga ko binjira badafise uruhusa muri ico gihugu nk'abanyavyaha, kandi ngo izobapfunga.

Abantu baharurwa mu bihumbi bakomeje guca muri Hongrie binjira mu buraruko no mu burengero bwa Bulaya.

Mur'abo Ubudage bwiteze kwakira 40 000 mur'izi mpera z'indwi gusa.