Umwuka wo guteka wahitanye 80 mu Buhinde

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Iryo sanganya ryabereye muri leta ya Madhya Pradesh, mu nzu y'uburiro yarimwo abantu benshi bafata infunguro yabo yo mu gitondo.

Inkuru ziva mu gipolisi zimenyesha ko ikigunguru kibika umwuka utekeshwa caturitse, uwo mwuka ugafatisha ibindi bintu biturika vyari bibitswe muri iyo nzu.

Abajejwe gutabara bakoresha iminwe barondera aboba bagihema, imbere y'uko hazanwa imashini ziyora ivu zigakura ibihomoka.