Itohoza ku cuma cahitanye abantu i Macca

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bulamatari wa Macca Khaled Al -Faisal, hagati, yaje kuraba aho grue yamenye umusigiti

Abantu barenga 150 barahitanywe n'ico gikoresho bita grue, igihe muri uwo muji hariko hacamwo umuyaga ukomeye cane.

Abategetsi ba Arabia Saudite bavuga ko ico kimashini coba casunitswe n'umuyaga war'ufise umuvuduko wa km 83 kw'isaha.

Kuri uwo musigiti hasanzwe hari ibikorwa vyo kuwagura mu gihe bitegurira urugendo rutagatifu rwa Haj.

Abanyamakuru bavuga ko hasanzwe hari impungennge z'amasanganya mu bikorwa vy'ubwubatsi muri Arabia saudite.

Abantu baharurwa muri miliyoni baramaze gushika muri Arabia Saudite mu rugendo rwo gushengerera ico kibanza ruzoba mu ndwi zibiri.