Uganda ngo yaburiye abasirikare 19 i Janale

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service

Yoweri Museveni amenyesha ko 6 muri abo 19 bahitanywe n'igitero giheruka ca Al Shabab bataraboneka.

Bwana Museveni yavuze ko vyaturutse ku rwangara rw'abagaba b'inteko za Uganda ziri muri AMISOM rwabaye mu gihe c'ico gitero ku cicaro cazo ca Janale kuwa 01/09/2015.

Leta ya Uganda yari yavuze ubwa mbere ko yaburiye abasirikare 12 muri ico gitero, kandi ko abandi basirikare bayo bose babonetse.

Abarwanyi ba Al Shabab bo bari bavuze ko hari abasirikare ba Uganda bafise bafashwe nk'imbohe z'intambara.