Yabazwe aronderwamwo diamant ya $ 300 000

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Uwari yamize diamant yafatiwe ku kibuga c'indege ca Bangkok

Bikekwa ko yamize iyo diamant arondera kuyijana hanze y'igihugu ca Thailand.

Uyo mugore yivye iyo diamant ahariko hagurishwa ibitako ku munsi wa kane, akayiguza n'irindi buye ritari diamant.

Ariko yamenyekanye hifashishijwe ivyuma vya camera bifata amasanamu, niko gukukiranwa agafatirwa ku kibuga c'indege.

Uwo mugore agifatwa yarahiye ararengwa ko ata iyo diamant yatwaye ariko ivyuma bamucishijemwo bigaragaza ko yayimize igeze mu nsogi.

Bamuhaye imiti ikoropa munda bita laxatifs ntivyakunda ko isohoka, nikwo gufata ingingo yo kumubaga bakayivanamwo.

Igikorwa co kumubaga camaze iminota 12 , ubu akaba ariko araruhuka mu bitaro.