Munich ihanzwe no gucumbikira abimukira

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Kuri uyu wa gatandatu, Munich yakiriye abagera ku 13 000, ubu ibibanza vyo kubakiriramwo bikaba bitanguye gukeha.

Umukuru w'igisagara ca Munich Dieter Reiter avuga ko ikibanza cigeze kuberamwo inkino za Olympic gishobora kwifashishwa mu gucumbikira abahagera.

Yaneguye kandi izindi ntara n'imiji y'Ubudagi ko bidafasha Munich mu gusangira uwo mutwaro w'abimukira.

Abantu bakomeza kugera mu Budagi baciye muri Autriche na Hongrie, igihugu cakiriye ibitigiri bitari bwaboneke vy'abimukira kuri uyu wa gatandatu.

Leta ya Hongrie yavuze ko izokugara imbibe zayo, nayo kuva kuwa kabiri igatangura gupfunga uwo wese yita ko azoba ageze mu gihugu bidaciye mu mategeko.