Burundi: abarenga 700 bafashwe kuva mu kwa kane

Valentin Bagorikunda avuga ko hari benshi bacironderwa.
Image caption Valentin Bagorikunda avuga ko hari benshi bacironderwa.

Umushikirizamanza mukuru mu Burundi avuga ko kugeza ubu hari abantu barenga amajana ndwi bamaze gufatwa bijanye n'ico yita umugumuko watanguye itariki 26 z'ukwezi kwa kane.

Abandi benshi ngo baracaronderwa.

Umushikirizamanza mukuru wa Republika y'Uburundi - Valentin Bagorikunda - yari aramutse ashikiriza incamake y'icegeranyo cakozwe n'umugwi washinzwe ngo utohoze ico yise umugumuko wo kuva itariki 26 ukwezi kwa kane.

Aho harimwo abateguye n'abagiye mu myiyerekano yo kwanka ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane, abagerageje gutembagaza ubutegetsi mu kwa gatanu, abantu bitwaje ibigwanisho bateye mu buraruko bw'Uburundi mu kw'indwi hamwe n'abamaze iminsi bakora ubwicanyi bw'abantu bamwe bamwe na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Muri rusangi abantu bamaze gufatwa bagirizwa uwo mugumuko barenga amajana andwi harimwo amajana abiri mu bateye intara za Cibitoke na Kayanza mu kwezi kw'indwi.

Ariko ngo abandi benshi baracaronderwa haba mu Burundi haba mu bindi bihugu iyo bahungiye ku bwa Valentin Bagorikunda ngo nta doosier n'imwe irahera.

Abafashwe n'abakironderwa ngo ivyo bakoze vyatumye Uburundi butakaza gushika ubu miliyaridi zirenga 50 mu mafaranga y'amarundi biciye mu kwonona canke gusambura ibintu bitandukanye, ariko igitigiri c'abapfuye muri iyo ntureka ntikigaragara muri ico cegeranyo.

Mu bari ku rutonde rw'abaronderwa muri ico cegeranyo ku citwa umugumuko w'itari ki 26 harimwo abarongoye imigambwe myinshi itavuga rumwe na leta, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yari yatunganije ico yita isekeza ryo kwanka ikiringo ca gatatu hamwe na bamwe mu bagerageje gutembagaza ubutegetsi bahungiye hanze.