Croatie ibwira abimukira kwerekeza muri Hongrie

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ku nzira ya gari ya moshi ya Tovarnic muri Croatia

Abarenga ibihumbi cumi na bitatu baraye bashitse kuwa gatatu, kandi hari n'abo barindiriye binjira baciye muri Serbia, n'ubwo ivyambu vyinshi vyugaye.

Umushikiranganji wa mbere Zoran Milanovic, yavuze ko ibintu bisa n'ibiriko birabarengera, kandi ngo nta kundi ico gihugu cobigenza.

Ariko na Hongrie iriko ishira uruzitiro rw'intsinga ku rubibe bihana na Croatia ndetse no mu buraruko, Slovenia iriko iratsimbataza ingingo zo gucunga imbibe nyene.

Abariko bagerageza guhunga baca mu karere ka Balkans bizeye gushika mu buhugu vya Bulaya, ariko inzira bari basanzwe bakoresha ubu zaragabanijwe cane.