Amerika n'Uburusiya vyavuganye kuri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida wa Syria Bashar al Assad

Umushikiranganji wo kwivun'abansi wa Amerika Ash Carter, na mugenzi we w'Uburusiya Sergei Shoigu, bagiranye ikiganiro c'iminota mirongo itanu kuri telefoni.

Muri ico kiganiro bemeranyije kugirana ibindi biganiro ku mutwe wa Leta ya ki islamu n'ukuntu amatati ari muri Syria yabonerwa umuti.

Amerika imaze iminsi itewe impungenge n'amakuru avuga ko Uburusiya buriko bwongera intererano ya gisirikare buha Perezida wa Syria Bashar Al Assad.