T2000 i Bujumbura "yaturiwe n'umuyagankuba"

Igipolisi kivuga ko gusha kwa T2000 vyatewe n'impanuka y'umuyagankuba
Image caption Igipolisi kivuga ko gusha kwa T2000 vyatewe n'impanuka y'umuyagankuba

Inzu y'ibidandazwa y'Abashinwa yaturiwe n'umuriro yose iraranganira hagati ku murwa mukuru w'u Burundi, Bujumbura.

Uwo muriro wadutse muri T2000 iri kw'ibarabara Boulevard de l'Uprona igihe c'isaha 3 zo mu gitondo.

Vyafashe amasaha arenga abiri kugira igipolisi kijejwe ibiza gishobore kuwuzimya.

Ariko nta na kimwe cashoboye gukiza, mbere n'inzu y'uburiro L'Hacienda ifatanye n'iyo mangazini nayo nyene yahiye.

T2000 yacuruza ibintu bitandukanye birimwo amasafuriya, amasahani, ibirato, ibikinisho vy'abana n'ibindi bikoresho vyinshi vyo mu nzu, bitaramenyakana agaciro vyari bifise.

Abakozi bo muri iyo mangazini mbere n'igipolisi bemeza ko uwo muriro waturutse ku mpanuka y'umuyagankuba w'ikigo kiwutanga Regideso.