General Diendere yemeye kurekura ubutegetsi

Bivugwa ko General Gilbert Diendere yahungiye muhira ku murongozi kama
Image caption Bivugwa ko General Gilbert Diendere yahungiye muhira ku murongozi kama

Umu General yafashe ubutegetsi muri Burkina Faso, avuga ko yiteguriye kubusubiza leta y'abasivile nyuma y'ibiganiro n'abahuza bo mu karere.

General Gilbert Diendere, yatembagaje ubutegetsi arongoye umugwi w'abasirikare barinda umukuru w'igihugu kuwa kane, yasavye ikigongwe igihugu avuga ko adashaka ko hagira ayandi maraso aseseka.

Ibi yabivuze mu gihe imigwi y'igisirikare ca leta yariko iregereza umurwa mukuru Ougadougou.

Igisirikare cemeye ko abatembagaje ubutegetsi bataribwa urwara nibemera gushira hasi ibirwanisho.

Bivugwa ko General Diendere yahungiye muhira ku mutegetsi umwe kama.

Abasirikare berekeza Ougadougu

kare amakuru ava muri Burkina Faso yavuga ko abasirikare bariko baregereza umurwa mukuru Ouagadougou, ngo bake ibirwanisho umugwi urinda umukuru w'igihugu, uheruka gufata ubutegetsi.

Igisikare casohoye urwandiko gisaba abagize umugwi urinda umukuru w'igihugu gusubiza ibirwanisho vyabo mu nkambi, nabo bakemererwa kutaribwa urwara.

Umugwi kabuhariwe ucungera umukuru w'igihugu, wumvira cane uwari umukuru w'igihugu, Blaise Compaore, watembagaje ubutegetsi mfatakibanza kuwa kane.

Abahuza bo mu burengero bwa Afrika baciye batangure kugerageza guhosha ibintu kuva ico gihe.