Diego Costa yagirijwe inyifato itabereye

Dieo Costa afise gushika ejo ku mugoroba ngo yisigure ku vyo yagirizwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Dieo Costa afise gushika ejo ku mugoroba ngo yisigure ku vyo yagirizwa

Umukinyi w'imbere wa Chelsea, Diego Costa, yagirijwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, inyifato itabereye mu rukino Chelsea yatsinze Arsenal 2-1 kuwa gatandatu.

Costa w'imyaka 26 yashize ibiganza vyiwe mu maso y'umukinyi w'inyuma wa Arsenal, Laurent Koscielny, imbere yo gusa n'uwurwana n'umukinyi wundi wa Arsenal, Gabriel, we aca arasohorwa mu kibuga.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA, ryagirije kandi Gabriel inyifato itabereye, hamwe n'uko imigwi yombi yananiwe guhanura abakinyi bayo.

Arsenal ishaka kwunguruza ku ngingo yo guha ikarata itukura Gabriel hamwe no kumuhagarika inkino zitatu.

Costa afise gushika 18:00 ku wa kabiri ku masaha y'Ubwongereza, ngo agire ico avuga kuvyo yagirijwe, bijanye n'ivyo yakoreye Koscielny kuko bitabonywe n'umuhagarikizi ariko bifatwa kuri video.