Kenya iribuka igitero ca Westegate

Abantu mirongo itandatu n'indwi nibo baguye i Westgate mu gitero ca Al Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abantu mirongo itandatu n'indwi nibo baguye i Westgate mu gitero ca Al Shabab

Abanye Kenya bagize amasengesho banacana urumuri ku murwa mukuru Nairobi, mu kwibuka imyaka ibiri iheze habaye igitero c'abiyahuzi i Westgate.

Abantu mirongo itandatu n'indwi biciwe muri ico gitero c'abarwanyi ba Al-Shabab.

Amasengesho yabereye mw'isoko rya kijambere rya Nakumatt, aho benshi mu bishwe baguye.

Umuhango nk'uwo wabereye mu gashamba ka Karura kari hafi.

Ibuye ry'icibutso ririko amazina n'abishwe bose, hamwe n'ibiti bishasha vyatewe, vyeretswe abantu mu mwaka uheze.

Ikibanza c'ubudandaji ca Westgate casubiye kwugurura mu kwezi kw'indwi, ribanje gusubirwamwo.