Igiciro umurengera c'umuti ukoreshwa n'abarwayi ba SIDA

Martin Shkreli
Image caption Martin Shkreli avuga ko kwongera agaciro k'umuti Daraprim bizofasha guhingura iyindi miti

Umukuru w'ikigo gihingura imiti muri Amerika, yahagaze ku ngingo yo kuduza gushika ku 5000% umuti umaze imyaka 62 ukoreshwa n'abarwayi ba SIDA.

Ikigo Turing Pharmaceuticals caronse uburenganzira bwo guhingura umuti Daraprim mu kwezi kw'umunani.

Umuyobozi mukuru w'ico kigo, Martin Shkreli, yavuze ko kizokoresha amahera kizokwunguka kuri uwo muti, mu bushakashatsi bw'imiti mishasha.

Uwo muti uvura toxoplasmosis, agakoko gatera indwara abantu bafise abasoda bake mu mubiri.

Turing imaze kuronka uburenganzira ku muti Daraprim, igipimo cawo caciye kuva ku madorari 13.50 kija ku madorari 750.

Ikinini cawo gitwara idorari rimwe mu kugihingura, ariko bwana Shkreli, yahoze arongoye ikigo kidandaza amafaranga, yavuze ko ayo mahera atarimwo ayakoreshwa mu kwamamaza no gukwirakwiza uwo muti mu buguriro.

Ngo navyo bikaba vyariyongereye cane igiciro muri ino myaka.