Volkswagen yemeye ko yabeshe ku miduga yayo

Uruganda Volkswagen rwemeye akamaramaza ko kubesha ku miduga ruhingura
Image caption Uruganda Volkswagen rwemeye akamaramaza ko kubesha ku miduga ruhingura

Uruganda rw'imiduga rwo mu Budage, Volkswagen, rwemeye ko rwashize mu miduga imiriyoni 11 utwuma tubesha ku vyuka bihumanya ikirere isohora.

Aho iyo miduga yaba iriko irapimwa ngo barabe ko ivyuka isohora ari bike nk'uko uruganda rubivuga, basanze utwo twuma tubesha gushika ku bice 40 kw'ijana.

Ako kamaramaza kerekeye imiduga ikoresha ibitoro vya mazutu, kahungabanije urwo ruganda rukaba rwaciye rutakaza ica gatatu c'agaciro karwo ku masoko y'imitahe mu minsi ibiri gusa.

Umu chanceliere w'Ubudage, Angela Merkel, yasavye ko Volkswagen ishira ahabona ukuri kwose, bikaba vyanasabwe ko haba itohoza hose i Buraya.

VW ivuga ko yashize ku ruhande amahera arenga imiriyaridi indwi z'amadolari yo gukoresha ku ngaruka zitewe n'ako kamaramaza.