Ibihumbi bifatanije n'abarimu bahagaritse akazi muri Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imigambwe itavuga rumwe na leta niyo yateguye igikorane co kwifatanya n'abarimu basaba kwongerwa umushahara muri park Uhuru

Ibihumbi vy'abantu bitavye igikorane ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mu gushigikira abarimu bari muri yegereyegere basaba kwongerwa umushahara.

Uwo mwiyerekano wabereye muri park ya Uhuru, wateguwe n'urunani rw'imigamwe itavuga rumwe na leta, CORD.

Abarimu b'amashure y'intango n'ayisumbuye bashika ku bihumbi amajana atatu, bamaze indwi zine bahagaritse akazi.

Leta ivuga ko idashobora kuronka amahera yo kubongera umushahara nk'uko babisaba.