HRW irega u Rwanda gukandamiza ba ntahonikora

Image caption HRW ivuga ko Kigali ishimirwa gusa neza, ngo ariko abakene bahabonera vyinshi bibi kugira iyo sura ibungabungwe

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rirega leta y'u Rwanda gufata ba ntahonikora ikabapfungira ahantu hatazwi n'amategeko.

Mu cegeranyo gishasha, iryo shirahamwe rivuga ko abacuruzi bo mw'ibarabara, abasabiriza hamwe n'abakora akazi k'ubumaraya bapfungiwe munzu yahoze ari ububiko bw'uruganda.

U Rwanda rushimirwa kuba rurangwa n'isuku, ariko Human Rights Watch ivuga ko abakene muri ico gihugu bahura n'amahano kugira iyo sura y'isuku ibungabungwe.

U Rwanda rurahakana

Hagati aho leta y'u Rwanda yasohoye urwandiko aho ibeshuza ibivugwa na HRW vy'uko hari ibigo bitemewe n'amategeko bipfungirwamwo abantu.

U Rwanda ruvuga ko Human Rights Watch yihenze mu kuvuga ko ikigo ca Gikondo Transit Centre kiri i Kigali ari nk'ibohero.

Ngo ahubwo ico kigo gifise akamaro kanini ko kugarura ku murongo ababa bakoze ibinyuranye n'amategeko.