Abarenga 700 basize ubuzima muri Hajj

Image caption Miriyoni zibiri z'aba Islam nibo bitavye umuhango wa Hajj uno mwaka

Abajejwe intwaro muri Arabie Saudite bavuga ko abantu barenga amajana indwi basize ubuzima mu musunikano wo mu muhango wa Hajj.

Bavuga kandi ko abandi bashika amajana umunani bakomerekeye mu muhango ubera i Mina, aho abari mu rugendo rweranda mw'idini rya Islam, batera ibuye satani.

Mina iri mu micungara y'umuji wa Mecca, iramaze kuberamwo umusunikano akatari gake abantu bakahasiga ubuzima, ariko abajejwe intwaro barakoresheje amahera menshi mu guteza imbere kwunguruza abantu hamwe n'izindi nyubako muri ino myaka.

Aba Islam barenga imiriyoni zibiri bavuye hirya no hino kw'isi, nibo bitavye umuhango wa Hajj w'uno mwaka.