Sepp Blatter ariko agirwako itohoza

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Sepp Blatter ngo yabo yarahaye Michel Platini imiriyoni zibiri z'ama dolari

Abajejwe intwaro muri Suisse bamenyesheje ko batanguye gukurikirana umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, Sepp Blatter, ku vyaha akekwa.

Ibiro vy'umushinjacaha mukuru muri ico gihugu bivuga ko bwana Blatter ariko aragirwako itohoza ku gutwara nabi FIFA.

Mu vyo yagirizwa, harimwo ivyo abajejwe intwaro bavuga ko yoba yararishe bidaciye mu mategeko amahera imiriyoni zibiri z'amadolari umukuru w'ishirahmwe ry'umupira w'amaguru i Buraya, Michel Platini.

Bwana Blatter yaciye ategerezwa gusivya ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Zurich, kuko yariko arabazwa n'abapolisi.