Iyindi ntwazangabo yoba yatorotse igisirikare c'u Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mu Burundi habandanije kwumvikana ibihugu vy'abasirikare batoroka igisirikare

Lieutenant Colonel Edouard Nshimirimana, ajejwe kumenyesha amakuru mu biro bikuru vy'igisirikare c'u Burundi, ngo yoba yagiye atawuzi iyo aroye.

Umuvugizi w'igisirikare c'u Burundi, Col Gaspard Baratuza, yemeje ayo makuru ariko avuga ko hakiri kare kugira bifatwe nk'uko yoba yatorotse igisirikare.

Ngo kugira bifatwe uko, umusirikare agomba kuba amaze iminsi umunani bitazwi aho ari mu gihe c'amahoro, canke iminsi itatu mu gihe c'intambara.

Lt Col Edouard Nshimirimana, abaye intwazangabo igira kabiri ishobora kuba yatorotse igisirikare c'u Burundi, nyuma y'ugutoroka kw'icegera c'umugaba w'inkambi ya Muha, Major Emmanuel Ndayikeza, haciye iminsi itatu.

Mu Burundi habandanije kwumvikana ibihuha vy'abasirikare boba bariko baratoroka igisirikare, kuva aho hahakiwe gutembagazwa ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu.