Nkurunziza yatanze ukwezi ko gusubiza ibigwanisho

Perezida Nkurunziza yavuze ko hafashwe ibigwanisho vyinshi. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Nkurunziza yavuze ko hafashwe ibigwanisho vyinshi.

Perezida Pierre Nkurunziza yashikirije ijambo abanyagihugu ubwo haheze ukwa mbere mu mezi abiri yihaye kugira intureka y'ibigwanisho ibe yarangiye na cane cane mu gisagara ca Bujumbutra.

Umukuru w'igihugu yavuze ko hafashwe ibigwanisho vyinshi ariko nta gitigiri yatanze.

Abari mu migwi y'abicanyi nabo ngo barafashwe, abandi ngo barazwi bariko bararonderwa.

Mw'ijambo rye, Perezida Nkurunziza yaboneyeho gutanga ikiringo gishasha c'ukwezi kumwe co gusubiza ikigwanisho kuri uwo wese agitunze mu buryo bunyuranye n'amategeko.

Yagarutse ku bantu amajana n'amajana bapfunzwe bagirizwa bwaba ubwo bwicanyi, yaba ivyo leta yita imigumuko , kugerageza gutembegaza ubutegetsi canke gutera igihugu.

Umukuru w'igihugu yasavye ko ubutungane bwonyarutsa imanza z'abo bantu bamwe bamwe bamaze amezi arenga atanu imanza zabo zitarantangura, kugira mbere n'abana boba barabikwegewemwo barekurwe.

Umukuru w'Uburundi yaboneyeho kandi guhamagarira abarundi kwitegurira ibiganiro bigiye gutunganywa mu gihugu ku bibazo nkoramutima vyerekekeye igihugu. Yavuze ko bizokwitabwa n'abarundi bose baba abo hagati mu gihugu canke hanze.