Grenades mu gisagara ca Bujumbura

Image caption Uwakomerekejwe na grenade

Mu gitondo hari grenade yari yatewe ku biro vy'igisagara ca Bujumbura biri muri karitiye Bwiza hagati mu gisagara ariko na nayo nyene ngo ntaco yononye.

Izindi zibiri zaturikiye muri karitiye Mutakura mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Mu gipolisi bavuga ko zatewe n'inkozi z'ikibi zari ku mapikipiki zashaka guhungabanya umutekano, umunsi wose ukaba uheze inzego zijejwe umutekano ziriko zirarondera aboba babikoze.

Aho ni mu gihe mu makaritiye y'uburaruko ya Mutakura na Cibitoke hari uruja n'uruza n'ubwo rutari rwinshi nk'uko rusanzwe.

Umunsi wa gatandatu waranzwe n'intureka y'amasasu n'ama grenades, muri ayo ma karitiye.

Kw'ibarabara rya 10 mu Cibitoke ejo abantu bazindutse basanga hagandagaje ibiziga bitandatu vy'abantu bari baraye bishwe, ku Mutakura naho bindi bibiri.

Ariko hakaba n'abavuga ko abahaguye muri iryo joro boba bararenga 12.

Ikintu gishasha igipolisi kivuga ko kitari bwabone gushika uwo munsi, n'uko hari umusore ngo yakoze ibikorwa nk'ivy'umwihevyi.

Umuvugizi w'ipolisi avuga yafashe grenades zibiri yamaze kwugurura yiruka aja kuzitera abapolisi, zikomeretsa babiri nawe ziramuhitana.