Abapolisi benshi bifuza iki mw'ibohero rya Gitega?

Image caption Bamwe mu barerwa ko bashatse guhirika ubutegetsi, bagifatwa

Ico abo bapolisi ngo bashobora kuba bari bagamije ni ukubatandukanya n'abandi banyororo basanzwe kugirango bafungirwe ukwabo.

Umwe mu baburanira abaregwa gushaka guhirika ubutegetsi, Maitre Lambert Musabimana, yabwiye BBC ko abo bapolisi baje ari benshi barenga ijana kandi bafise ibirwanisho bikomeye.

Ivyo ngo vyaciye biduza icuka kibi, abandi banyororo ngo baca bamera nk'abagumuka haba imishamirano.

Iyo mishamirano yacureshe hamaze gushika abo mu mashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu, bagerageje kubijamwo, abapolisi babona gusubira inyuma.

Maitre Lambert Musabimana, yemeza ko abajejwe ibohero bamubwiye ko abo bapolisi batatumwe n'ubuyobozi bw'ibohero, ahubwo ko ari ingingo yavuye hejuru.

Avuga ko muri urwo ruhagarara harimwo abakomeretse, barimwo umu caporal umwe n'uyundi musoda muto.

Ku kibazo c'uburyo bapfunze, Maitre Lambert Musabimana avuga ko bapfungiye hamwe n'abandi n'aho barara ukwa bonyene.

Abo basirikare 28 avuga ko kugeza ubu bakirindiriye ko urubanza rwabo ruburanishwa, inyuma y'amezi atanu barafashwe.

BBC yagerageje kuvugana n'uwujejwe ibohero rya Gitega kuri ivyo vyabaye, ariko avuga ko vyosobanurwa n'abo mu bushikiranganji bw'ubutungane, nabo bakaba batashoboye kuboneka.