HRW irega DRC gutobera abo batavuga rumwe

Uwufise ububasha kw’isanamu

HRW yemeza ko abategetsi ba Congo bahereye abaja kuburizamwo imyiyerekano yo mu mahoro y'abatavuga rumwe na leta.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko hari imisore yahembwe ama dolari 65 kugirango ije gutoba inama yabera mu muji wa Kinshasa mu kwezi guheze.

Iyo nama yari yahamagajwe mu ntumbero yo kwiyamiriza perezida Joseph Kabila, hamwe yoramuka ashatse kwitoza ubugira gatatu.

Umuvugizi wa leta ya Congo yabwiye BBC ko ivyo Human Rights Watch ivuga bidafise ishingiro.