Facebook ishaka gutanga imihora muri Afrika

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook

Mark Zuckerberg, yatangaje ko hazoshirwaho satellite izotanga imihora ya internet muri Afrika yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara.

Iyo satellite ikiriko irubakwa izotangura gukoreshwa mu 2016.

Ivyo biteganijwe mu mugambi Internet.org, umugambi w'ubufatanye hagati ya Facebook n'ibindi bigo bitandatu (Samsung, Ericsson, MediaTek, Opera Software, Nokia na Qualcomm).

Uwo mugambi n'uwo gushikana mu bihugu bikenye uburyo bw'itumanatumanako ku giciro giciririrkiye, cane cane biciye kuri za terefone ngendanwa.

Ibice Afrika, ibice binini ntibigira imihora ya internet.