Nigeria:amazina y'abagize leta yabonetse

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Kuri urwo rutonde hariko n'uwuzoyobora ikigo ca leta kijejwe kwimbura ibitoro, Emmanuel Ibe Kachikwu.

Harimwo kandi na Amina Ibrahim - yahoze ari umuhanuzi ku bijanye n'intego z'iterambere z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Perezida Muhammadu Buhari, yavuze ko azokwifatira ubwiwe ubushikiranganji bujejwe igitoro, mu ntumbero yo kugabanya ikibazo ca ruswa.

Yavuze ko yafashe umwanya munini kugira yihweze neza abashikiranganji babikwiye.

Amazina y'abashikiranganji 21 kuri 36 bazoba bagize leta yiwe, niyo amaze kuboneka.

Abagenywe bategerezwa kubanza kwemezwa n'inama nkenguzamateka imbere yo gutangura amabanga yabo.