Uburusiya bwavogereye Turkiya ku bushake?

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Gucisha mu kirere ca Turkiya indege z'Uburusiya zari ziturutse muri Syria, ngo ntibigaragara nk'aho vyari impanuka.

Umunyamabanga mukuru w'urwego rwa OTAN Jens Stoltenberg, yavuze ko ubutegetsi bw'Uburusiya butigeze butanga ibisobanuro vyumvikana kur'ico kibazo co kuvogera Turkiya.

Yahamagariye Uburusiya gusigaho gukongeza imishamirano.

Burusiya nabwo bwagirije urwo rwego rwa OTAN kwitwaza ico kibazo kugirango rubuyobagize ku ntumbero zabwo muri Syria.

Buvuga ko ibitero vyabwo vyatumberejwe ku birindiro vy'abarwanyi ba IS mu micungararo y' umuji wa Palmyra, aho imodokari n'ibindi birwanisho vy'uwo murwi vyasambuwe.