Burkina Faso: general Diendéré yarezwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption General Diendéré

General Diendéré yari kw'isonga ry'umurwi w'abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi.

General Diendéré yarezwe ivyaha 11, birimwo ubwicanyi no kubangamira umutekano w'igihugu, akaba yishikanye mu ndwi iheze.

Uwo mu general yari amaze hafi imyaka 30 ayobora urwego rw'ipererza ku ntwaro ya perezida Blaise Campaoré, yakuwe ku butegetsi umwaka uheze n'abanyagihugu bamwiyamirije.

Uwahoze ar'umushikiranganji w'imigenderanire, Djibril Bassolé, nawe nyene yashengejwe.

Arahakana uruhara rwarirwo rwose.