Ibisasu vyahitanye 14 muri Nigeria

Ivyo bitero vyabereye Damaturu, umurwa mukuru wa leta ya Yobe.

Ababibonye bavuga ko mu gitero ca mbere, umwihevyi yegereye urwaruka rwariko ruraganira mu murwi, agaca yituritsa.

Uwundi mwiyahuzi bivurwa ko yasavye abo mu muryango gukorana mu kumviriza ijambo, imbere yo guturitsa igisasu cahitanye cumi muri bo.

Kugez'ubu ntibiremezwa uwoba yagavye ico gitero, ariko Boko Haram yagavye ibitero vyinshi muri ako karere.