Icuka si ciza hagati y'Urwanda n'Uburundi

Amakuru yo kwizerwa aturuka mu Burundi, avuga ko leta y'Uburundi ifise ibimenyetso bigaragaza ko Desire Nyarurihirira yagize uruhara mu gushigikira ibikorwa vyo guhungabanya umutekano mu gihugu.

Imigenderanire hagati y'Urwanda n'Uburundi isa n'iyagiyemwo agatotsi, kuva aho perezida w'Uburundi Pierre Nkuruniza afatiye ingingo yo kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa kane.

Kuva ico gihe, abarundi baharurwa mu bihumbi barahungiye mu gihugu kibanyi c'Urwanda, bahunga indyane bibaza ko zishobora kuba mu gihe c'amatora.

Ariko leta y'Uburundi ishavujwe cane cane no kubona mu bahungiye aho mu Rwanda harimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu.

Leta y'Uburundi yagiriza kandi Urwanda ko rurimwo amakambi yo gukoreramwo imyimenyerezo ya gisirikare, y'abantu bakekwa ko bari mu murwi w'abitwaje ibirwanisho bashaka guter'Uburundi.

Aho ni mu gihe leta y'Urwanda nayo irega Uburundi ko bucumbikiye abarwanyi b'umuhari FDLR.