Yasubiye mubitaro kuber'ingaruka za Ebola

Abaganga bavuga ko Pauline Cafferkey, ariko aravurwa ico bise inkurukizi z'iyo ngwara ya Ebola.

Bavuga kandi ko akomerewe.

Pauline Cafferkey yafashwe na Ebola igihe yakora muri Sierra Leone mu mwaka uheze, ariko aza kuvurwa, abarirwa ko yakize.

Mu ndwi iheze niho yavuze ingene iyo ngwara yamuteye iyindi ngwara yo mu mihogo no gukoroka imishatsi.