Umurwi IS mu mihana yo hafi ya Aleppo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Uwo murwi wateye mu gihe Uburusiya buheruka kumenyesha ko bwawugavyeko ibitero.

Umurwi urwanya ubutegetsi bwa perezida Assad ufise icicaro mu Bwongereza, Observatory of Human Rights, umenyesha ko bubaye ubwa mbere IS yegera hafi nk'uko uwo muji wa Aleppo.

Mu gihe rero izo ntambara zikibandanya, Iran yemeje ko umwe mu basirikare bayo yaguye muri Aleppo.

Hussein Hamedani niwe yari umuhanuzi w'ingabo za leta mu rugamba rwo kurwanya umurwi IS.