Abo muri Tuniziya batwaye agashimwe ka Nobel

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Ishirahamwe "Tunisian National Dialogue Quartet" ryahembwe kubera uruhara rwaryo mu kubaka demokarasi muri ico gihugu.

Iryo shirahamwe, ryafashije gushiraho inzira za politike zisubirira inzego, igihe igihugu cari kigeze ku manga, inyuma y'imigumuko y'abanyagihugu yasenyuye inzego mu 2011.

Mu gihe mu bindi bihugu nka Libya, Egypt, Yemen na Syria, vyasubiye mu ntwaro z'igitugu canke bikaja mu ndyane n'akajagari inyuma y'imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi bwariho, Tuniziya yo nyene niyo yashoboye kugaruka mu nzira ya demokarasi.

Komite y'agashimwe kititiriwe Nobel, yamenyesheje ko iryo shirahamwe ryashitseko vyerekana ko imirwi y'aba islamu n'iyo abadakurikira ivy'amadini ishobora gukorana muri politike.