Urubanza rw'abanyarwanda 40 rwaraheze canke?

Maitre Bernard Maingin yunganira abaregwa, yemeza ko impapuro zasohorewe abo Banyarwanda 40 zapfuye zigahambwa, agaciro kazo kaheze.

Maitre Maignin avuga ko ivyo maitre Jordi Palou avuga ko urwo rubanza rushobora kuvyurwa hamwe bamwe muri abo bahoze ari abasirikare ba FPR bahonyoje ikirenge ku butaka bwa Espagne, ngo ico ni ikindi kibazo.

Ivyo ngo mugabo ntaho bihuriye n'itegeko ryisunzwe mu gukuraho iyo mitahe canke impapuro zo kubafata.

Uwo mushingwamanza ariko aremera ko urubanza avuga ko rwaheze ari urufatiye ku gufata abo bantu hisunzwe amategeko y'ubutungane burenga imipaka y'ibihugu.