Ibibazo mu matora ya Centre Afrique

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibihumbi vy'abantu bahunze imirwano muri Centre Afrique yatanguye mu 2013

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora muri Centre Afrique yatanze imihoho bituma vyibazwa niba amatora yo mu ndwi iza azoba.

Dieudonne Kombo Yaya yavuze ko atanze imihoho kubera igitsure c'umukuru w'igihugu hamwe n'amakungu.

Amatora rusangi aramaze gusiba kabiri kubera ikibazo c'umutekano.

Abantu benshi barishwe muri ino minsi iheze, abashika ku bihumbi nabo barahunga.

Centre Afrique iri mu mvururu kuva mu 2013, igihe abarwanyi b'aba Islam batembagaza ubutegetsi.