Abantu 130 barishwe mu mezi 3 mu Burundi

Umushikiranganji w'umutekano Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko abantu bagera ku 3000 bamaze gutabwa muri yompi bashirwa mu busho bw'igipolisi kuber ivyaha bifatiye ku migumuko iheruka.

Uburundi bwabayemwo imigumuko kuva mu kwezi kwa kane, igihe perezida Pierre NKurunziza avugiye ko ashaka gusubira kwitoza gutwara igihugu mu kiringo kigira gatatu, mu matora yahavuye atsinda.

N'ubwo igipolisi gikomeza kuvuga ko kiriko kirahangana n'uwbo bugizi bwa nabi, urwamo rw'ibirwanisho rwongeye kumvikana mw'ijoro ryakeye, hatorwa ibindi biziga bibiri mu gisagara ca Bujumbura.