Yang Feng-lan aregwa guhonya inzovu za Tanzania

Uwufise ububasha kw’isanamu ap

Yang Feng-lan aregwa urudandazwa rwo mu kinyegero rw'amasenge y'inzovu ruciye miliyoni zibiri n'igice z'ama dolari ya Amerika, yifuza kuburana yidegenvya.

Arerwa kuba yaratanze amafaranga yakoreshwa mu kwica inzovu ziharurwa mu majana, akadandaza amasenge yazo agera ku 750 mu kiringo c'imyaka irenga 14.

Uwo mugore ayataziriwe akazina ka " Ivory Queen", ashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka 30.

Abajejwe gukingira ibidukikije muri Tanzaniya bavuga kw'ico gihugu kimaze gutakaza 2/3 vy'inzovu zayo mu myaka icumi iheze, kubera uruhigi rutemewe n'amategeko.