Ingabo za Uganda zigiye kuva muri Juba

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inyeshamba zirwanya leta ya Sudani y'epfo

Hakurikijwe amasezerano yo guhagarika intambara aheruka hagati ya Sudani y'epfo n'abayirwanya, inteko zose z'amahanga zabwirizwa kuba zahavuye imbere yo kuwa gatandatu uheze.

Izo ngabo z'amahanga zitegenya gusubirirwa n'inteko zo mu karere, ariko urwo rwego rw'inteko zo mu karere ntiruratangura gukora.

Ingabo za Uganda zimaze imyaka ibiri zaragiye muri Sudani y'epfo zisabwe na perezida Salva Kiir.

Abarwanya leta ntibari bashatse ko zijayo ariko abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko zafashije kugarura umutekano mu muji wa Juba.