Ibiharuro vy'abimukira baja i Bulaya

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Ubigereranije no mu mwaka wose uheze, abimukira 280,000 nibo bonyene binjiye ku mugabane wa Bulaya.

Ico cegeranyo ca Frontex kimenyesha ko abenshi, n'ukuvuga abarenga 300,000, binjiriye mu Bugereki bakoresheje ubwato, ahanini bakaba baturuka muri Syria.

Mu kwezi kw'icenda honyene, abagera ku 50,000 bashitse mu Bugereki.

Bake muri abo bimukira baca mu Butaliyano, ahanini bakaba bagabanutse kubera ubuke bw'amato ava ku ruhande rwa Libya aca muri Mediterranee ndetse n'ikirere kibi.

Abategetsi b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya bimirije guhura ngo baganire kuri ico kibazo c'abimukira mu mpera z'iyi ndwi i Bruxelles mu Bubiligi.