Abarundi bibutse umuganwa Louis Rwagasore

Image caption Perezida Nkurunziza n'umutambukanyi wiwe, i Vugizo ku ntatemwa ya Rwagasore

Ibirori byabereye ku murwa mukuru wa Bujumbura mu mutekano wari ucungerewe bidasanzwe.

Nk'uko bisanzwe bigenda ivyo birori vyaranzwe n'imisa yitabwe n'abategetsi benshi uhereye ku mukuru w'igihugu, abagize leta n'izindi nzego z'igihugu.

Abategetsi baciye baja gushira urugori rw'amashuirwe ku ntatemwa y'umuganwa Louis Rwagasore, imbere yo kumviriza ijambo Rwagasore ubwiwe yashikirije agiheza gutsinda amatora yo mu 1961.

Umutekano wari ucungerewe mu buryo budasanzwe aho amayira aja kw'isengero nkuru Cathedrale Regina Mundi, yari yugaye.

Abajayo bategerezwa gusakwa, bitandukanye n' ikindi gihe aho uwubishatse wese yahora aja muri urwo rubanza, haba mu misa canke ku ntatemwa.

Uwo muhungu w'umwami Mwambutsa wa kane, yishwe hataranashira ukwezi, umugambwe wiwe Uprona utsinze amatora yo kuvana Uburundi mu bukoroni bw'Ububiligi.