Ubwicanyi bwahitanye 10 Mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Christophe Nkezabahizi, yari ajejwe gufata amasanamu (cameraman) kuri televiziyo y'igihugu, yahitanywe n'aba polisi bavuga ko bariko bahiga abanyuruje bagenzi babo, yicanwa n'abana biwe babiri n'umugore.

Igipolisi catangaje muri kano gatondo ko abantu 10 bose hamwe aribo bishwe harimwo umuryango w'uwo munyamakuru.

Ababibonye bavuga ko abapolisi bo mu gisata kijejwe gukingira inyubako za leta bateye umukwabu mu gace ko muri karitiye ya gatatu muri komine Ngagara, batangura kurasa abantu mu mihana yabo.

Igipolisi ku ruhande rwaco gitangaza ko cishuye ku bo cise abari banyuruje aba polisi bagenzi babo bari bihishe muri ayo mazu.

Urwamo rw'ibirwanisho rwumvikanye no mu bindi bice vy'umurwa mukuru Bujumbura mw'ijoro ryakeye.

Ntibiragaragara neza nimba uwo mu cameraman n'umuryango wiwe bari batumbererwe.

Yari muntu w'intungane yikorera akazi kiwe.

Televiziyo y'Uburundi itangaza ibikorwa vya leta gusa, ku buryo atawokwibaza nimba hari amakuru yoba yaragiyemwo yoshobora gutuma atotwa.

Biboneka nk'aho we n'umuryango wiwe bazize gusa kuba bari muri ako gace katewemwo umukwabu n'igipolisi, gakekwa kubamwo abapolisi bavugwa ko banyurujwe.

Ubwicanyi bwatanguye kuva mu kwezi kwa kane, igihe perezida Pierre Nkurunziza yatangaza ko agiye kongera kwitoza kuyobora igihugu, ku ncuro ya gatatu.