Ebola yasinzikaje Pauline Cafferkey

Image caption Pauline Cafferkey

Ibitaro Royal Free Hospital vyo mu buraruko bwa London, aho Pauline Cafferkey ariko aravurirwa, bitangaza ko akomerwe.

Uwo muforomakazi yanduye ingwara ya Ebola ubwa mbere aho yari gufasha abarwayi ba Ebola muri Sierra Leone.

Yaciye atahukanwa mu Bwongereza kuvurirwaho, biza kuvugwa ko yakize, hashize nk'ukwezi arataha.

Bagiye gusanga mu ndwi iheze agifise umugera wa Ebola mu mubiri wiwe.

Umubiri ngo ushobora kubika imigera y'iyo ngwara, n'ubwo umurwayi yoba agaragara nk'uwakize neza.

Itangazo ryasohowe ejo n'ibitaro arwariyemwo ryavuga ejo yongeye kuremba cane.

Bavuga ko ariko aravurirwa iyo ngwara ya Ebola ukwa we nyene ahantu hakingiye cane, muri ivyo bitaro Royal Free Hospital.