Israel yashize ibirindiro muri Yerusalemu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Mu gace k'ubuseruko bwa Yerusalemu, hashizweho amabariyeri mu bice bibamwo abanya Plastina, ahabaye ibitero vyinshi kurusha ahandi.

Igipolisi cemerewe gutera imikwabu mu bice bibamwo abanya Palestina muri ako karere.

Inama y'abashikiranganji muri Israel yafashe ingingo yo kuba baragumije imivyimba y'abanya Palestina bishwe mu bitero vyagabwe ku banya Israel.

Image caption Ubwingere bw'ibitero muri Israel

Abanya Palestina bagavye ibitero bazoca kandi bakwa uburenganzira bwo kuba muri Yerusalemu.

Ubwo bwicanyi bwiyongereye inyuma y'aho hatanguriye kuduga icuka kibi gifatiye ku kubuzanya uburenganzira bwo gushika mu kibanza ceranda kirimwo umusigiti wa Al-Aqsa i Yerusalemu.