Polisi ya Uganda yahagaritse abagore ba FDC

Abo bagore bava ku cicaro ca FDC baja ku ngoro y' inama nshingamteka, biyamiriza igikenye gikoreshwa n'abapolisi.

Abapolisi baciye basubiza inyuma abo bagore, bazibira ibirababara impande zompi bakoresheje imodokari.

Abagera ku mirongo ibiri muri abo bagore bahamaze amasha agera kuri atanu.

Abo bagore bariko biyamiriza igipolisi bavuga ko bambitse ubusa mugenzi wabo wo muri FDC, igihe yahagarikwa n'igipolisi mu mpera z' indwi iheze.