CNDD FDD irega nde ubwicanyi buri i Burundi?

Mw'itangazo ryasomwe kuri radio y'igihugu, umuvugizi w'umugambwe Gelase Daniel Ndabirabe yavuze ko ibihugu vy'ibikoloni arivyo biha amafaranga n'ibigwanisho ''abicanyi basanzwe bazi ko atavyo bashobora guhingura canke kwigurira''.

Rifatiye ku bwicanyi bwabaye mu Ngagara ku wa kabiri uheze, iryo tangazo rivuga ko ababukora bitwaza ubwoko bashigikiwe n'ivyo bihugu.

Ntiruvuga ubwoko buronderwa ubwaribwo, ariko mw'itangazo ryaheruka, umugambwe CNDD FDD wari watomoye ko ivyo bihugu vyamye bishigikira ubwicanyi bwagiye burakorerwa abahutu kuva mu myaka ya 60.

Umugambwe wa Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza uvuga ko ubu hageze ko ivyo bihugu bikubitwa intahe mu gahanga.

Iryo tangazo risanga kandi imfashanyo ivyo bihugu vyahagarikiye Uburundi ataco bizogira igihugu, ngo ''kanatsinda ku mfashanyo ivyo bihugu vy'aba koloni vyahora bitanga, ibice 80 kw'ijana vyasubira iwabo kandi Uburundi buzovyishura.''

Mu mafaranga leta y'Uburundi ikoresha buri mwaka, ayava hanze na cane cane mu bihugu vya Bulaya yangana na 48 kw'ijana muri uyu mwaka.

Ibihugu bimwe bimwe vyarahagaritse imfashanyo vyahora biha Uburundi kuva perezida Pierre Nkurunziza afashe ingingo mu kwezi kwa kane yo kwitoza ubugira gatatu, ingingo abatavuga rumwe nawe bavuze ko iteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro.