Imodoka miliyoni 2.4 za VW zizohamagazwa

Uwufise ububasha kw’isanamu getty images

Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe gutwara abantu n'ibintu Alexander Dobrindt, yavuze ko izo modokari zizotangura gukurwa mu baguzi kuva mu kwezi kwa mbere umwaka uza.

Volkswagen yibaza ko imodokari zigera kuri miliyoni cumi n'imwe zayo zo mu bwoko bunywa amazutu, arizo zifise ikibazo kubera ubuhinga zakoranywe bwo kunyegeza urugero rw'imyuka zirekura.

Imiliyoni munani muri izo modoka ziri kumugabane wa Bulaya.

Zimwe muri izo modokari vyitezwe ko zizokenera gusa guhindurirwa gato ubwo buhinga bwashizwemwo amayeri, ivyo navyo ngo bigashobora kworoha.

Izindi zizokenera guhindurwa cane, ari navyo bwana Dobrindt avuga ko bishobora kugera mu mpera z'umwaka uza bitararangira.