Yafashwe agurisha umwana kuri Gumtree

Uwufise ububasha kw’isanamu Gumtree

Vyitezwe ko ashobora kwagirizwa icaha co kugurisha umuntu (trafic humain) na sentare ya Pietermaritzburg iri mu ntara ya KwaZulu-Natal, uyu munsi.

Polisi ivuga ko uwo mugore w'imyaka 20 yafashwe ku munsi wa kabiri, igihe umupolisi yiyise umuguzi yishura kw'itangazo ryo kugurisha ry'uwo mugore yari yashize ku rubuga rwa internet.

Uwo mwana wiwe w'umuhungu w'amezi 19 yashaka kugurisha, yaciye ashirwa mu minwe y'abafasha kurera abana badafise abavyeyi babitayeho.