Igihuhusi cayogoje amazinga ya Philippines

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Biteze imyuzuri no kumangagurika kw'imisozi muri iyi minsi itatu ikurikira, igihe ico gihuhusi kiriko kirengana.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Philippines avuga ko hashobora kurwa imvura nyinshi cane kandi kumara iminsi.

Amabarabara yugawe, indege zirahagarikwa, nayo ababa ku nkengera z'amazi bimuwe.

Ejo perezida Benigno Aquino, yari yahamagariye abantu kuba maso abicishije kuri televiziyo y'igihugu.

Yaheruka gutanga ubutumwa nk'ubwo mu 2013, igihe c'igihuhusi Haiyan.