Urwego rw'abasirikare ba Afrika rwatanguye imyimenyerezo

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Urwego rushasha rw'inteko nyafrika ruzoba rushobora gukora mu kwezi kwa mbere

Abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika bagize umugwi udasanzwe useruka rukamvye, batanguye imyimenyerezo muri Afrika y'epfo.

Urwo rwego rw'abasirikare ibihumbi mirongo ibiri na bitanu bavuye mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika, rugamije kugabanya intererano iva hanze ya Afrika iyo hari ahadutse ikibazo.

Vyitezwe ko urwo rwego ruzoba rwatunganye mu kwezi kwa mbere.

Ariko ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rivuga ko rikeneye umuriyaridi w'amadolari kugira urwo rwego rukore neza.

Umunyamakuru wa BBC ajejwe ibibazo bijanye n'umutekano avuga ko hari n'ibibazo bijanye no kudatunganya neza ibikorwa, hamwe n'ugushaka guke kwa politike kw'ibihugu biri mw'ishirahamwe.