Umugwi ujejwe gutunganya ibiganiro vy'Abarundi uramaze gushingwa

Uwo mugwi waraye ushinzwe ngo utunganye ibiganiro hagati y’Abarundi abatari bake baracabazanya abawugize abaribo n’ico bamaze mu buzima bwabo kugira bashingwe amabanga nkayo.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abarundi bazovugana ku bibazo vy’imibano, politike, amahoro, umutekano n’iterambere.

Umukuru wawo ni Musenyeri Justin Nzoyisaba, azwi ahanini mw’ishengero Methodiste ryo mu Burundi arongoye kuva mu mpera z’2008.

Icegera ciwe yitwa Francois Nkezabahizi, asanzwe ari umucamanza yabaye no mugwi ujejwe amatora yo mu 2010 mu ntara ya Muyinga.

Umunyamabanga w’uwo mugwi yitwa Imelde Sabushimike wo mu Bwoko bw’abatwa mbere ari no mu barongoye ishirahamwe ryo guteza imbere ubwoko bw’abatwa.

Yigeze kuba mu rwego rw’igihugu ruhuza amashirahamwe y’abagore, muri aya matora aheze naho yari mu mugwi ujejwe gutunganya amatora muri commune Ngagara.

Uretse abo batatu bazoba barongoye umugwi hari abandi 12.

Nabo nyene si benshi bari basanzwe bazwi cane, uretse nka Gerard Nduwayo azwi cane mu mugambwe Uprona mbere yaserukiye mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri aya matora aherutse.

Tukivuga abava mu migambwe, muri uwo mugwi harimwo uwahora arongoye umugwi w’abashingamateka ba CNDD FDD mu nama nshingamateja yahahora, harimwo n’umuyoboke wa Agathon Rwasa.

Abahutu, Abatutsi n'umutwa

Harimwo kandi abantu bava mu bisata vy’ubuzima n’amadini bitandukanye, umupatiri wo mw’idini rya katolika, umu islam, umusirikare n’umupolisi, ku bantu 15 naho hakaba harimwo abagore batanu.

Ku bwoko naho harimwo abahutu icenda, abatutsi batanu n’uwo mutwakazi umwe.

Mu kiringo c’amezi atandatu ariko gishobora kwongerwa, uwo mugwi ugiye gutanya ibiganiro.

Bizohuza Abarundi kugira bavugane ibibazo vy’imibano, politike, amahoro, umutekano n’iterambere.

Ivyo biganiro bizoraba kandi ico amasezerano ya Arusha, ay’uguhagarika intambara hamwe n’abumwe bw’Abarundi amaze kumara gushika ubu.